Le parti UPRONA a appris avec consternation l’attaque du village de RUKARAMU par les groupes terroristes gemocidaires du frodebu-cndd ou plus d’une centaine de citoyens innocents pour la plupart des femmes, des enfants et des viellards ont ete sauvagement massacres.
Le parti UPRONA condamne ces actes barbares qui continuent d’etre commis par des organisations genocidaires connues, qui massacrent les populations innocentes dans l’indifference totale de certains dirigeants burundais et de la communaute internationle.
Ces comportements couupables procedent du choix cynique du pouvoir en place d’institutionnaliser le racisme ethnique et les pratiques genocidaires comme etant des opinions et moyens de lutte politique.
Le Parti UPRONA presente ses condoleances les plus emues aux victimes et aux familles eprouvees ainsi qu’a l’ensemble du peuple burundais dont les genocidaires et leurs protecteurs veulent paralyser le rassemblement en vue de l’avenement du Plus jamais ca.
Le parti UPRONA exige desormais que tous les moyens humains, politiques, mediatiques et judiciaires soient mobilises en vue de l’identification et la condamnation de tous les actes de genocide.
De même, afin de mettre fin a l’impunite, une liste des genocidaires et de leurs organisations officielles ou clandestines doit etre etablie, pour que les crimes contre l’Humanite ne restent pas sans auteurs et que ces derniers soient traduits en justice et punis conformement a la loi.
Le Parti UPRONA acte une fois de plus la confirmation de l’existence d’une coalition genocidaires effective dans la sous-region et appelle a la constitution d’un FRONT REGIONAL pour eradiquer les idees qui tuent et neutraliser leurs reseaux.
Le parti UPRONA denonce le negationnisme qui s’installe sous le couvert des faux processus de paix et appelle a la lutte sans merci contre le terrorisme, le genocide et toutes les pratiques revisionnistes.
Enfin, le Parti UPRONA lance un appel a toutes les forces vives, morales et civiles pour oter toute legitimite a ceux qui pratiquent le genocide, le revisionnisme et tous les partisans des idees qui tuent.
Fait a Bujumbura, le 02/01/1998.
Le President du Parti UPRONA,
Charles MUKASI.
IJAMBO RYO KWIFURIZA ABARUNDI
UMWAKA MWIZA.
BADASIGANA,
BARUNDI,
BARUNDIKAZI,
Umwaka urarangiye uwundi uratashe. Tuboneyeho akaryo ko kubifuriza ko umwaka w’1998 wobabera muhire, ukaba uw’amata n’ubuki. Icifuzo gikuru cacu n’uko uyu mwaka utanguye wobera Abarundi bose intango yo gusubira kwizera, abavyeyi basubire guheka, Umurundi asubire ku murimo, abateshejwe izabo bazisubiremwo badakebaguzwa canke baticura gusogotwa bunyamaswa.
Kukaba nkako Abarundi barasinzikajwe n’ubwicanyi bw’ihonyabwoko. Twifuza ko ubwo bwicanyi twobugira indahiro mu gihugu cacu, ntibusubire kuba ubuhizi; ababwitwaza bakubitwe intahe mu gahanga, abashaka kubutorana no kubugira iragi babure aho aho bashingira n’aho bungururiza. Ni ho mu Burundi hazoba habonetse inzira nyakuri y’amahoro, ubumwe n’ubutungane. Niho Uburundi buzosubizwa izina, iteka n’itekane mu makungu.
Ariko ivyo vyipfuzo ntivyoherera mu majambo no mu nzandiko bitegerezwa gishirwa mu ngiro. Ayo mahoro twipfuza arakeneye guteramirwa, Iterabwoba, agakandamizo, igitsure, uguturubika n’ukuburabuza, ububeshi, tubirinde Abarundi. Dutegerezwa kugwanya twivuye inyuma inyifato z’ihonyabwoko n’imirwi yatoranye iyo nzira.
Uwo ni wo mugambi w’amahoro nyakuri; iryo jambo ni ryo Abarundi bipfuza ko ryoshirwa imbere n’abarongoye abandi mu nzego zose no mu gihugu cose.
Uyu mwaka urangiye wa 1997 watweretse vyinshi uranadukebura. Nta murundi atabonye ko duterezwa kwama tugavye; tukaba maso; ntidusubire gusinzira umukondorazosi kuko Uburundi buracageramiwe.
Twarabonye ingene ikinyoma gikoreshwa mu gusinziriza Abarundi, ari naco gituma rwama rwatwuzuriyeko, tubeshanya ngo abararikiye gusekura abana barondera demokarasi; abakekagura inzoya, abatama n’abatamakazi, impfuvyi abateshejwe izabo ngo nibo tuzeyeko inkingi y’Amahoro. Mu bindi bihugu ubwicanyi bene ubwo amakungu arabwiyamiriza ariko mu Burundi basasirwa indava.
Twarabonye ingene Uburundi bwanigiwe mu menshi, imihora ikazibirwa buzira ko hahindutse intwaro yari ishigikiye ihonyabwoko, Abarundi baremeye baratubika umukanda bibaza ko intwaro nshasha izoshira imbere umugambi wo kurwanya ihonyabwoko igatako igashengeza Frodebu n’imirwi basangiye ico caha. Aho gushinga urubanza rw’ihonyabwoko Leta yashimye kwuhagira ico caha mu kuciyobagiza no mu gucudika n’abo cagira.
Twarabonye ingene abitwaza politike bahesha iyo hageze kuremesha urugamba rwo kwigizayo ayo marorerwa yose. Abatabaza, abarwanya ihonyabwoko ku mugaragaro nibo basigaye baburagizwa, abiciwe bagategekwa kuririra mu nda ngo bavuze boba babangamiye ico bita umugambi w’Amahoro.
Twashaka ariko kubamenyesha ko ayo mabi, ingeso bene izo n’ibindi tutarinze kudondagura bitovuna inkokora Abarundi na cane cane Abadasigana. Ivyo bitwibutsa ah’ubwo ko twokenyera zikaguma kuko impinga iracari ndende. Mu bihe bene ibi, niho Umugambwe Uprona utegerezwa guseruka bimwe biboneka atari bimwe atari bimwe vya nsumirinda ugashingira intahe ijambo ry’uguteramira amahoro n’ubumwe mu Burundi.
Nico gituma dusubiye gushimira icese Abadasigana n’abandi Barundi bose bagumije umutima bakirinda bo nyene, bakarinda na bene wabo ikinyoma, ubwicanyi, ubusuma n’ubundi bubegito twabonye buriko burigira ndanse mu gihugu.
Turakeje Abarundi bemeye bakagumya ibanga batizeye gushimirwa, kubera umutima wo gukunda igihugu, igihugu kizira uburyarya, igihugu kirangwamwo amahoro n’ubutungane nyakuri.
Turashimiye cane Intwaramiheto n’abandi Barundi batabaye, bagatabariza Uburundintibavunwe inkokora n’agakandamizo, igitsure n’inyigisho z’ibinyoma. Kugira ngo imyaka yimirije izotubere mihire twagomba dusezerane ibi bikurikira :
- Dutegerezwa kugira indahiro ubwicanyi bw’ihonyabwoko n’ubundi bwicqnyi ubwari bwo bwose muri iki gihugu cacu no mu bihugu duhana imbibe.
- Imigambwe, amashirahamwe, imirwi canke intwaro iyariyo yose yigisha, yakoze, itegura canke ishigikiye ihonyabwoko itegerezwa gutuzwa mu Burundi no mu bihugu duhana imbibe.
Kugira ngo ivyo tubishikeko, nta zindi nzira atari izi zikurikira :
1. Ubwicanyi buzoba indahiro mu Burundi twemeje icese ko ihonyabwoko ryabaye mu Burundi
2. Ubwicanyi buzoba indahiro mu Burunditwemeye kudoma urutoke no gushengeza ababurarikiye, ababukoze, n’ababushingira intahe iwacu no mu makungu bagakubitwa intahe mu gahanga izuba riva. Ni co gituma umugambi wo gutohoza ivyaha vyakomerekeje iteka n’itekane mu Burundi woshirwa ahabona mu maguru masha, ivyo vyaha bikamenyekana hamwe n’abavyagirizwa.
3. Ubwicanyi buzosubira kuba indahiro mu Burundi ivyitwazo vy’abasambura igihugu, batema batongora bidasubiriye kwemerwa muri politike , mu madini, mu ma sendika, mu mashirahamwe ayari yo yose na cane cane mu bitwa ko baharanira demokarasi n’agateka ka zina muntu.
4. Amahoro nyakuri azosubira gusasagara mu Burundi Abarundi bo bene igihugu basubiye kwicara hamwe bige ibibazo bibaraje ishinga bongere babitorere umuti atawubatamika ijambo. Kwama twibaza ko Abarundi bazoserukirwa mu biganiro vy’amahoro no mu ntwaro n’abasekura canke botsa abana, ababeshi n’abatagira indahiro, ni ukwihenda cand. Amahoro nyakuri ntazova mu gahararo n’ingendo y’uwundi ivuna twasanze ari umugambi wo kwuhagira icaha.
Nico gituma inama zihuza Abarundi zoja mu ngiro hisunzwe umutima w’uko ivyashikiye Uburundi bimenyekana hagapfundikwa ijambo rimwe. Izo nama ni zo twita Debat national, atari zimwe zo kudendekeranya zabaye agahararo.
5. Amahoro nyakuri azosubira gusasagara mu bihugu vyo muri aka karere, ivyo bihugu bigiye hamwe mu kurandurana n’imizi inyigisho z’ihonyabwoko, inzira z’ubwicanyi ubwo ari bwo bwose n’ayandi mabi abuza ibi bihugu vyacu kuva i buzimu bikaja i buntu.
Kurya rero Abazungu b’i Bulaya bagiye hamwe mu kwiyamiriza imigambwe n’inyigishi z’uwitwa Hitler n’abo basangiye imigambi y’ihonyabwoko; bakaba ariho bahereye mu gukomeza intwaro rusangi nyakuri basokwesha isi yose, harageze ko natwe tworarikana ata bwoba, cane cane tukirinda abadusamaza. Iyo nzira abandi batumbereye tukayitumbera bimwe biboneka.
6. Ku vyerekeya Umugambwe w’Abadasigana UPRONA, twiyemeje kuzoja imbere muri urwo rugamba, tudakebaguzwa, dukomeze kuburira Abarundi n’ukubereka inzira zo gutambutsa ijambo n’ingingo z’ubumwe n’amahoro mu gihe ba mpemayuzuye na ba nsumirinda bashaka kudusubiza mw’ihumbi.
Tuzoshira hamwe ishaka, ubumenyi, ubukerebutsi n’ububangutsi dufise hamwe n’ayandi mashirahamwe azoba yatomoye imvugo n’ingiro mu kwubahiriza ubumwe mu Burundi, mu kwiyamiriza ihonyabwoko tutadidinganya kugira ngo ivyo vyipfuzo bikomere bibe umugambi ngenderwako uzorangurwa Abarundi badacishijwe ku giti no ku mabuye.
Turangije dusubiriye kwipfuriza Abarundi Umwka Mwiza w’1998. Turateye akamo Abarundi bose ngo bavire hasi rimwe bitabe uwo mugambi wo kuzamura Uburundi busubire kuba igihugu c’Amata n’ubuki tuzoraga Abuzukuru n’Abuzukuruza bataturira nabi.
Bigiriwe i Bujumbura, ku wa 01/01/1998
UMUKURU W’UMUGAMBWE W’ABADASIGANA
Charles MUKASI.